Scroll to Top

Meddy asaba Abarundi kuguma bari maso kuko ari mu nzira

By KING YANN COOL / Published on Friday, 14 Sep 2018 01:31 AM / /

Meddy yanditse Ku rubuga rwa Facebook ko abarundi bomwitega kuko agiye kuza kubateramishiriza kuri Cristal.

Inyuma yaho Buravan akoreye igiteramo hano iwacu, na Meddy nawe ngo yamaze kwitegura gukorera igiteramo I Bujumbura.

Uwo muririmvyi w’umunyarwanda abarizwa muri leta zunze ubumwe za amerika, akaba yitezwe mu mpera z’umwaka igenekerezo rya 29 kigarama. Akazoba ahamagawe n’inzu y’ubutambiro Cristal.

Ku rubuga rwiwe rwa Facebook, Meddy akaba yasavye abantu kuguma bari maso kuko ngo azoba azanywe n’ukwandika amateka. Akaba yemereye abantu ko vyinshi kuri uwo muzo wiwe azobimenyesha hanyuma.

Mukamenya ko hataramenyekana neza abaririmvyi ndundi bazoba barikumwe nawe muri ico giteramo, n’uburyo buzotangwa mu kwinjira muri ico giteramo.

14,574 total views, 0 views today

Add Comment