Scroll to Top

Florentino Perez ababazwa kubona Zidane agomba kuja muri Man-United

By Radjabu Bosingwa / Published on Friday, 14 Sep 2018 02:04 AM / /

Uwusanzwe atwara umugwi Real Madrid ababazwa no kubona zinedine Zidane agomba kuja mu mugwi Manchester United.

Florentino pereza ishavu riraniga Kubona zinedine Zidane agomba kumenyereza Manchester United, mu gihe atigeze yirukanwa mu mugwi Real Madrid. Ivyo bikaba vyanditswe ni kinyamakuru co muri Espagne citwa El confidential.

Zinedine Zidane wewe akaba amaze kuvuga y’uko agiye gusubira Ku kazi kugira amenyereze Umugwi Manchester United .

Uyo mufaransa yigeze kumenyereza umugwi Real Madrid imyaka itatu (3), awufasha gutwara ibikombe bitatu yikurikiranije vya UEFA champions league. Ku rundi ruhande uwahoze amutwara muri Real Madrid yaguma afise icizere y’uko uyo mumenyereza azoguma muri uyo mugwi .

Zizu akaba yitezwe gusubirira umumenyereza Wa Manchester united Jose Morinho ku mvo z’uko atariko yitwara neza mw’ihiganwa ryo mu bwongereza EPL .

16,335 total views, 0 views today

Add Comment