Scroll to Top

Ihiganwa rya Primus league rigiye kubandanya ku ndwi ya 7

By Radjabu Bosingwa / Published on Friday, 14 Sep 2018 02:10 AM / /

Kuri uyu wa gatandatu n’uwa mungu igenekerezo rya 15 na 16 Nyakanga Nyakanga ihiganwa rya primus league rizobandanya ku ndwi ya 7.

Kuwa 6, Ku kibuga citiriwe Umuganwa rudoviko rwagasore , Isaha Umunani 8 Athletico Olympic izotana mu mitwe na Flambeau du centre , Mu gihe isaha icumi 10 LLBS4A izotana mu mitwe na Messager Buja .

Ku musi w’Imana naho ku kibuga citiriwe Umuganwa rudoviko rwagasore isaha Umunani 8 , Bumamuru Fc izotana mu mitwe na Flambeau de l’Est , mu gihe isaha icumi 10 , Aigle Noir izotana mu mitwe na Rukinzo Fc.

Uwo musi nyene ku kibuga c’ivyizigiro Vital’o izotana mu mitwe na Bujumbura City isaha icenda 9. Nayo ku kibuga c’ingoma, Musongati Fc izotana mu mitwe na Les lierres isaha icenda 9 .

Izo nkino zizoba ziriko ziraba no ku kibuga c’umuco, aho Olympic Star izotana mu mitwe na Ngozi City isaha icenda 9. Ago masaha nyene Ku kibuga c’Urukundo ,Messager Ngozi izonata mu mitwe na Kayanza United.

17,868 total views, 0 views today

Add Comment