Scroll to Top

Yvan Muziki yoba yakoranye n’igihangange mu muziki nyarwanda

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 16 Sep 2018 05:29 AM / /

Ibikorwa vya Yvan Muziki  mu gihugu c’Urwanda vyoba bitagarukiye Ku biteramo, kuko hoba hari indirimbo yakoranye n’igihangange caho.

Inyuma y’igiteramo yakoreye mu gisagara ca Kigali, Yvan Muziki ntiyahagaze ngo hoba hari ibindi bikorwa yakoreye I Kigali.

Amakuru indundi ifise ava Ku begereye uwo muririmvyi avuga ko hoba hari igihangange mu muziki nyarwanda, mu runganywe rugezweho boba baciditse hamwe bakora akaririmbo.

twashatse kumenya nimba arivyo canke atarivyo, Yvan muziki yanka kugira vyinshi avuga kuri ayo makuru ava I Kigali.  Ariko atwemerera ko azigira ico abivuzeko mu gihe ca Vuba.

Yvan asanzwe afise n’amaraso y’Ubunyarwanda akaba abarizwa Ku mugabane wa buraya aho amaze igihe yisumamwo.  Akaba aho aheruka I Kigali yari yashize ahabona akaririmbo Boo Boo kanarabwe cane gusumba izindi ndirimbo za hano iwacu mu mwanya muto.

2,780 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment