;
Scroll to Top

#Diaspora | Ukwihangana akiga akarere nivyo vyatumye Wind Divin atangura kuririmba atevye

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 16 Sep 2018 05:42 AM / No Comments / 607 views

 Ku myaka 18, yafashe ingingo yo gukora akaririmbo, ariko hari haheze imyaka itari  mike yandikira abandi baririmvyi. 

Louange Divin Nduwamahoro niko kazina nyakuri k’umuririmvyi Wind Divin akorera ibikorwa vyiwe muri leta zunze ubunwe za amerika.

Uwo muririmvyi w’imyaka 20, ngo amaze imyaka itari mike aririmba kandi yandika, ariko Ku myaka 18 niho yasohora akaririmbo kiwe ka 1.

Mu kiyago gito yagiranye na Indundi Magazine, uwo mwanditsi w’uturirimbo tutari duke twaririmvye abandi, avuga ko iyo myaka yose atari yicaye, ahubwo ngo yariko ariga. Ico yiga avuga ko bwari uburyo yotera imbere.

Divin akaba gushika ubu ata Management afise, ariko akavuga ko we incuti n’abagenzi batanguranye akiri muto ngo nibo bamufasha bakikora mu mufuko kugira abashe gukora.

Wind afise indirimbo zitari nke zirimwo izo yakoranye n’abandi zishika kuri 4, murizo hakaba harimwo Romantic aheruka gukorana na mugenziwe barikumwe muri amerika, Marembo.

Muri ico kiyago, uwo muririmvyi akaba yavuze ko ariko akora ibishoboka ngo indirimbo ziwe zishike kure, kandi zinamenyekane hano iwacu.

Akaba asanzwe aririmbo mu ndimi zitandukanye, zirimwo ikirundi, icongereza n’igiswahiri. Bivanye n’uko aba ashaka ko akaririmbo kamera.

Wind akaba asanzwe afatanya umuziki n’amashure ya kamenuza aho aba muri Connecticut. Akavuga ko ukubifatanya bisaba kwipanga neza.

2,792 total views, 0 views today

Tagged as: