Scroll to Top

Preeze ngo kiswe Wakanda kugira korohe kudandazwa

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 16 Sep 2018 06:01 AM / /

 Inyuma y’ukukandika igihe kirekure, Preeze yagatoye izina ngo rishobora kumutuma akadandaza vyoroshe.

Izina wakanda ry’akaririmvo gashasha ka Preeze ryazanywe kugira vyorohe idandazwa ry’ako karirimbo. Ivyo uwo muririmvyi akaba aheruka kubivugira mu kiganiro Hit Connection ago yari umutumire.

Muri ico kiganiro, uwo mwanditsi w’ako karirimbo yanavuze ko Imana ibikunze, hari insamirizi imwe ishobora kuba iriko irakipfuza kugira igakoreshe. Naho atagize vyinshi ayivugako, ariko akaba yaracishijemwo ijambo RFI na Bobona, ubona ko uwo muririmvyi mu batsindiye ubushimwe mw’ihiganwa Prix Decouvert RFI.

Mukibuka ko twaheruka kubamenyesha ko ako karirimbo kamaze ikiringo c’umwaka wose kariko karakorwa, haba amajwi co kimwe n’amajambo ajarimwo, kugira karyohorwe neza nkuko yabituyagiye.

2,870 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment