Scroll to Top

#burundi|Ruyigi| Imiriro ya nyakanga yaratujijwe hifashishijwe ibihano ruhasha

By Editor / Published on Sunday, 16 Sep 2018 11:31 AM / /

Nta mwaka wijana i miriro ya Nyakanga idahitanye ama hegitari n’ama hegitari y’ amashamba n’ amashamba cimeza, nayo ibinyabuzima bihabarizwa ibidatikiye bikangazwa.

 

Mu ntara ya Ruyigi, ingingo ruhasha zahavuye zifatwa mu ntumbero yo guhagarika ubwo bukozi bw’ikibi, muri rino ci turiko turasozera rya 2018, muriyo ntara bikaba vyaragabanutse kurugero rushimishije.
Abayobozi bo muriyo ntara bamaze kumenya ko ayo mashamba aturirwa n’ abifuza kuragira umuyonga, bihutiye gushiraho itegeko rya kirazira.

MasterLand
Kirazira kuragira umuyonga vyarigishijwe, baragabisha, banashiraho n’ ibihano ruhasha.
Ata ka mwana wa maman, ihadabu ritari musi y’ ibihumbi ijana y’ amarundi (100.000 fbu) ndetse n’ umunyororo nivyo bifashisha mu guhasha uwo wese afashwe ariko aragira umuyonga.
Ico nico catumye imisozi yari ibangamiwe nabo bagizi ba nabi iguma yambaye ici ryose akayaga ka gataha mu ngo no mu mihana itandukanye.
Mwomenya ko mu cegeranyo c’ivyari vyatikijwe niyo miriro mu mwaka wa 2017 vya shika ku ma hegitari i gihumbi mu gihugu cose gisanzwe gifise ubuso bwa metero kare 27834.
Nayo i ntara za Cibitoke, Muyinga, Bubanza, Cankuzo na Ruyigi akaba arizo zasinzikajwe nubwo bukozi bw’ikibi.
Umuti ukaba ari guhimiriza, hadashizwe inyuma kwihaniza no guhana ata kanwana wa maman kagiyemwo.

7,780 total views, 0 views today

Add Comment