Scroll to Top

David Beckham ashaka Lionel Messi muri Inter Miami

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 16 Sep 2018 11:11 AM / /

Lionel Messi arakenewe na David Beckham mu murwi wa Inter Miami mu mwaka wa 2020. 


Ikinyamakuru Daily Mail kivuga ko David Beckham yoba yipfuza kuzojana umukinyi Lionel Messi Ku mugabane wa amerika mu mwaka 2021.

Ico kinyamakuru kikaba kivuga ko ico ari icipfuza c’uwo mukinyi wa kera wa Man United. Ariko bakabona ko ico cipfuza kigoye gushira mu ngiro kuko bizosaba kwumvisha akamaro kavyo haba kuri Inter Miami ashaka kumujanamwo hamwe no kuri uwo murwi nyene womugura.

Messi ku myaka 34, nukuvuga mu mwaka wa 2020 azoba arangije amasezerano afitanye n’umurwi wa FC Barcelona. Ibinyamakuru vyo Ku mugabane wa buraya bikabona ko hazoba hageze ko ahindura umurwi, ubona ko ariwo akesha vyinshi mu gihe amaze akina.

Mukamenya ko uwo murwi wa Inter Miami ari umurwi washinzwe na Beckham ubwiwe, hakaba hari mu kwezi kwa 1 kw’uno mwaka wa 2018. Mu kwezi kw’7 kw’uno mwaka akaba ariho yashira ahabona Logos y’uwo murwi uri mu gitigiri c’imirwi iri kuri Major League Soccer.

3,428 total views, 0 views today

Add Comment