Scroll to Top

Cristiano atsinze igitsindo atazopfa yibagiye

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 16 Sep 2018 11:22 AM / /

Mu gihe yaramaze kugerageza incuro 23, uno musi wa mungu Cristiano arahevye aratsinda ico atazopfa yibagiye.

Inyuma y’igihe kitari gito, inkino 3, Cristiano Ronaldo arahevye araronka igitsindo ca 1 kuva atangura muri Juventus.

ico gitsindo akaba akironse inyuma y’ukugerageza incuro 3 zose mu gice ca 1 c’urwo rukino, n’incuro zirenga 23 kuva atangura gukinira Juventus ariko bikanka ko atsinda.

ibinyamakuru bitandukanye vyo ku mugabane wa buraya bikaba vyamenyesheje ko asa n’uwuguruye agakemanyi k’ibitsindo azotsindira uwo murwi.

Ivyo binyamakuru bikaba vyamenyesheje ko Cristiano atazopfa yibagiye ico gitsindo ca 1 atsindiye Juventus kuri Allianz Stadium aho bari baramutse bahura na Sassuolo.

7,476 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment