Scroll to Top

#indundi sport | Zinedine yicaranye urutonde rw’abo azojana muri Manchester United

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 16 Sep 2018 11:33 AM / /

Mu gihe zohindura imirisho muri Man United, Zinedine agafata intebe y’ubwami, ngo arafise urutonde rw’abo bazojana.

Mu gihe hari amakuru avuga ko Jose Morinho yoba agira asubirirwe na Zinedine zidane, ibinyamakuru vyo mu bwongereza vyatanguye kuvuga kuri ubwo bukwe bushobora kuba umwanya n’umwanya.

Nkuko amakuru dukesha Daily Mirror abishikiroza, Zinedine zidane ngo yoba ariko arategura urutonde rw’abakinyi akeneye. Muribo hakaba hamaze kumenyekana 4, Toni Kroos, Thiago Alcantara, James Rodriguez na Edison Cavani.

Ico kinyamakuru co mu bwongereza kikaba kivuga ko naho Morinho yashigikiwe bikomeye n’uburongozi bwa Manchester United aho aheruka gutsinda, ngo ari muyabira kuko ashobora gukwegerwa n’akantu isase noneho akisanga yasezerewe.

Mukibuka ko havuzwe imirwi itari mike yoba yarashatse Zinedine zidane, inyuma y’ugusezera muri Real Madrid. Muriyo hakaba haravuzwemwo umurwi nserukiragihugu wa Qatar, igihugu yanashigikiye cane ngo kironke itike yo gutegura igikombe c’isi yose co mu 2022.

9,887 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment