;
Scroll to Top

Chonge yaririmbiye umukunzi muri “Ndi mu Rukundo”

By KING YANN COOL / Published on Monday, 17 Sep 2018 09:08 AM / No Comments / 878 views

Naho yabisabwe n’abakunzi b’ibikorwa vyiwe batari bake, Chonge nawe yarafise umugambi w’ukuririmbira umukunzi wiwe.

Akaririmbo ndi mu rukundo ngo  yakaririmbiye umukunzi wiwe, ivyo akaba aheruka kubishikiriza mu kiyago gito yagiranye na Indundi Magazine.

Uwo tuvuga s’uyundi ni Chonge asanzwe akorera umuziki wiwe muri amerika, uwo akaba yaheruka gushira ahabona amasanamu y’akaririmbo Nkunda ngukunde yakoranye na Arnovich.

Muri ico kiyago, uwo mwanditsi wa Ndi Nu rukundo, yavuze ko ako karirimbo yagakoze Ku busabe bw’abakunzi b’ibikorwa vyiwe. Ariko ngo kuririmbira umukunzi wiwe navyo yarabifise mu mugambi, aca agirako.

Abajijwe ivy’izindi ndirimbo n’amasanamu yazo, uwo muririmvyi avuga ko afise izindi akiriko arakora, aronderamwo iyo azokorera amasanamu. Ngo hagize ikiboneka azobimenyesha.

Chonge aranashima uburyo abantu bakiri Amasanamu ya “Nkunda Ngukunde”, hamwe n’uwo baririmbanye. Kuko ubu batanguye kumwizera kuko amubona hirya no hino mu bikorwa bitandukanye.

Mukamenya ko Chonge ari muri bake bakora ibikora inka, kandi baririmba indirimbo mu Kirundi  naho abarizwa muri leta zunze ubumwe za amerika.

7,174 total views, 0 views today