;
Scroll to Top

Imyiteguto ya King Donny B igeze kure

By KING YANN COOL / Published on Monday, 17 Sep 2018 09:53 AM / No Comments / 694 views

Hampande y’amasanamu ya Adorable yifashe neza, King Donny B ngo ariko ategura gukora amasanamu y’akaririmbo kiwe gashasha. 

King Donny B ngo ariko arategura gukora amasanamu y’akaririmbo kiwe aheruka gushira ahabona. Ako akaba yakise I’m in Love with You kakaba kaje gakurikira ako yari yakoreye amasanamu yari yise Adorable.

Twashatse kumenya igihe ategura gutangura gukora ayo masanamu, uwo muririmvyi avuga ko hari utwo acegeranya kugira amenyeshe ryari azotangurira kuyikorera.

Donny akaba ari umwe mu baririmvyi ndundi babarizwa muri Leta zunze ubumwe za amerika. Ibi akaba abishikirije inyuma y’urugendo rw’akaruhuko aheruka gukorera muri Canada, nkuko imbuga zitandukanye asanzwe akoresha zivyerekana.

7,325 total views, 0 views today