Scroll to Top

Uwuzosubirira Cristiano muri Real Madrid aza yabonetse

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 19 Sep 2018 01:24 AM / /

Amahirwe yo gusubirira Cristiano Ronaldo ntahabwa uwuje ava hanze, ahubwo uwubarizwa indani.

Mu gihe Real Madrid iheruka kubura umukinyi w’igihangange, Cristiano Ronaldo, hamwe n’umumenyereza wabo Zinedine zidane, uwo murwi ngo ntuhagaze nabi na gato.

Nkuko amakuru dukesha ibinyamakuru vyo Ku mugabane wa buraya, ngo uwo murwi ntiwashiye kwiruka urondera abosubirira uwo mukinyi, kuko bafise icizere Ku basatirizi babo.

s’ico gusa kuko mu gihe yakinjura, habonetse n’abandi bashobora gukora vyiza, umwe we bakaba bamaze kumubona ko ashobora gutwara igikombe c’inzahabu. Eka yanatanguye kwipfuzwa n’imirwi yo mu butariyano, Marco Asensio.

Uwo mukinyi akaba ariwe abonwa n’ikinyamakuru Goal nk’uwigiye gusubirira Ronaldo, ubona ko muri kino gihe ari mu kibanza ca 1 muri uwo murwi mu gutera kenshi mw’igori.

umumenyereza akaba yijeje Nkuko tubikesha Ikinyamakuru Marca ko bazobandanya batsinda, ngo bitwa Real Madrid apana Real Ronaldo.

Mukamenya ko uno musi uwo murwi wa Marco uza guhura na As Roma. Nkuko yavyijeje Madrid ikaba ariyo ishirwa imbere ko iza gutsinda urwo rukino ruza kubera Ku kibuga citiriwe Santiago Barnabeu.

10,581 total views, 0 views today

Add Comment