Scroll to Top

#Urwevu|Youth| Mbega wiga ngo urondera diporome canke ubumenyi?

By Indundi Staff / Published on Wednesday, 19 Sep 2018 07:36 AM / /
isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Abahinga bamenyesha ko uguhengama mu buryo bw’ivyiyumviro, ugaha ivyiyumviro inzira itariyo, bishobora kugusubiza inyuma imyaka ni myaka, ukazotora akenge waratakaje umwanya. Vyohava mbere bimera nk’ibigutangaje umenye ko burya abantu benshi tuja kw’ishure mu vy’ukuri tukagenda nk’uko umengo ni itegeko, mbere bigahava bitubera nk’umuzigo.

Ivyo vyose nk’uko abahinga babimenyesha, ngo biva k’ukuntu tuba tubona ibintu. Mu bisanzwe umuntu wese iyo ariko ararondera ikintu atazi ntaheza ngo agire inguvu ng’uwukirondera akizi. Abasokuru bihweje kera  inyifato mu ruhigi ngo baraheza bakabona, baravye umuhigi uko ariko aratera icuma,yuko , ico gikoko c’ubutse kumbure akirya canke atakirya. Umuhigi ngo iyo hubutse igikoko atarya inyama, yaca atera icumu nabi nabi minenengwe kuko ata nyungu yaba abifisemwo. Niho havuye ijambo ngo” ayitera nk’uwutayirya”.

Umuhinga mu vyiyumviro GALILEO GALILEI  niwe yagize ati ” Nta kintu ushobora kwigisha umuntu, gusa ushobora gusa kumufasha kugitora muri we nyene” .( You cannot teach a man anything, you can only help him discover it within himself) . Umuntu ntaja kw’ishure kwiga ubwenge. Agenda kubucishwa. Agenda kubukarisha. N’ukuvuga rero ko umuntu aba afise ubwenge muri we nyene, aba agiye gusa kubukarisha. Nayo uwukarisha umuhoro, aba afise ico agira awukoze. Ubwenge tuja kubukarisha kugira tumenye kubukoresha. Kugira dushobore kumenagura ibitandara vy’amabuye canke ngo dusatagure ibiti vy’amagorwe usanga vyihengetse mu nzira ducamwo tuja ku masonga. Nico gituma twiga bimwe yamara ugasanga ntitwabitahuye kumwe kuko , na kare twese tutaremye kumwe

None uwo mupanga w’ubwenge uriko urakarisha utegura kuzowukatisha iki? Ni igiki utegekanya mu myaka itanu kuba uri woba uriko uritegurira uyu musi? Ni kubera iki wiga Géographie? Maths, Droit…..? Ushaka kuzobikoza iki? Ivyo uriko uriga bizogufasha gute gushika kuri iyo sanamu? Nimba wifuza kuba uri umutunzi mu myaka hagati ya 5 na 10 canke irenga bifatiye ku myaka ufise, ivyo vyirwa uriko uriga ubona bizogufasha gute gushika kuri ubwo butunzi?

Ukaba ugenda kw’ishure gusa ngo abantu bose babone ko wiga, uraraba neza. Uko abahinga bavuga, n’uko umuntu wese, yaba ivyo yiga , yaba ivyo akora vyari gutegerezwa kaba nyabuna ari inzira imujana ku masonga y’imisozi yiyemeje kuduga. Kumbure uracari muto, yamara woyaga n’abavyeyi bakagufasha. Ntudebukirwe kubukarisha yamara bikubere vyiza kumenya ico uzobukoresha.

IVYO WIGA SIVYO BIZOGUKIZA. UZOKIZWA N’UKUMENYA KUBIKORESHA!

AHANDI HOHO UZOHAVA URUHIRA KUBA UMWARIMU MU VY’UBUDANDAJI YAMARA UTOSHOBORA KUDANDAZA N’IBIYOBA.

9,386 total views, 0 views today

Add Comment