Scroll to Top

Natacha ngo abaririmvyi ndundi baguma bifungiranye

By KING YANN COOL / Published on Friday, 21 Sep 2018 04:21 AM / /

Natacha we ngo asohoka igihugu kugira arondere kumenyekana, mu gihe abandi babona ko gukora neza bihagije kugira bamenyekane.

Natacha ngendabanka batazira la namba la bamba abandanya uruhererekane rw’ibiganiro muri Afrika y’ubuseruko.

Aho aheruka muri Tanzania, Kimwe mu binyamakuru Natacha yaganiriye navyo, harimwo Dizzim Online. Ico kinyamakuru akaba yababwiye ivya kahise kiwe n’uko abona umuziki ndundi.

Natacha akaba yababwiye ko ikibazo c’abaririmvyi ndundi ngo bibaza ko gukora neza, bagashira indirimbo kuri YouTube, bizotuma bamenyekana. Ariko we akaba abibona ugutandukanye arico gituma yasohotse igihugu akaja kurondera ibinyamakuru bitandukanye ngo bimumenyekanishe.

Mukamenya ko Natacha yabanje mu gihugu ca Uganda, yerekeza muri Tanzania aho atarajanywe na kamwe, noneho yerekeza muri Rwanda aho naho nyene yakoreye ikiganiro Ku mboneshakure

11,649 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment