Scroll to Top

Muri Mirror Team bagiye kwerekana ko ata binebwe bagira

By KING YANN COOL / Published on Friday, 21 Sep 2018 04:32 AM / /

Abagize umurwi Mirror Team bashimye gukora buri muntu Ku giti ciwe, ngo berekane ubutwari bwabo, uwuzosohora akaririmbo ubwa 1 ni Aime.

Mu gihe buca ashira ahabona akaririmbo kiwe yikoranye ka 1, Aime Loveness yaganiriye n’ibinyamakuru ababwira impamvu yashimye kwikorana wenyene.

Nkuko yabiyagiye mugenziwacu ngo umurwi Mirror Team nta binebwe bibayo, ni naco gituma bashimye kuvyerekana abakunzi b’ibikorwa vyabo. Ukwo kubibereka, n’uguha akaryo buri muntu ari muri uwo murwi akaryo ko gukora akaririmbo nawe. Ivyo bikorwa vya buri muntu ngo bihuriweko na bose nkuko yabandanije abiyagira APTV.

View this post on Instagram

Get ready my people

A post shared by Aimé Loveness (@aimeloveness) on

Uwo muririmvyi akaba yanamenyesheje ko buri muntu indirimbo azokora zizoba ziri ku mbuga zabo, kugira nka hamwe bakoze ibitaryohera abakunzi b’ibikorwa vyabo, amakosa abarweko bonyene apana umurwi wose.

Mukamenya ko uwo murwi wa Mirror Team warumaze igihe udasashira ahabona akaririmbo na kamwe.

11,524 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment