Scroll to Top

Emery sun yamye akoresha agakingirizo

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 22 Sep 2018 01:57 AM / /

Emery sun ngo ntaraba kuryohera umubiri gusa, ahubwo n’ukuraba kazoza bijamwo, nico gituma yikingira mu kuryamana n’umukobwa.

Emery sun ngo nta mwana aravyara gushika ino saha, ivyo akaba aheruka kubiyagira Life TV mu kiyago baheruka kugirana.

Muri ico kiyago Emery sun yemeza ko yagendanye n’abakobwa barenga 5, ariko abo bose ngo nta n’umwe bireze bavyarana. Aho yabajijwe uko vyagenze, avuga ko ari Kubera yamye akoresha agakingirizo.

Emery yanabwiye umumenyeshamakuru ko we ataraba kuryohera umubiri gusa, ahubwo anaraba kazoza kiwe.

Emery yanemeje amakuru yaragize imisi avurwa ko yoba asigaye ari mu rukundo n’umukobwa mushasha, uwo akaba yemeje ko ari Milk Mina yigeze kuja mu masanamu y’indirimbo yiwe yitwa “Wawundi”.

Uwo mukobwa uno musi afise umwana, akaba yarigeze kurwa cane ko yoba agendana n’uwo musore, ariko bose barabibeshuza.S’ico gusa kuko n’uwo  mwana wa Mina vyaranavuzwe ko ari uwa Emery ariko naho nyene barabibeshuza.

Foto yarigize imisi ibica bigacikau

Mina na Emery ngo bari basanzwe ari incuti za hagufi, bakaganira buri gihe kandi bakanahanurana nkuko yabandanije abivuga. Biza kurangira bakundanye kuko ngo ata kamaro ko kuja kurondera kure mu gihe incuti ziri hagufi, aho ni mu gihe yarahejeje kuvana n’uwo bahora bagendana.

Mukamenya ko amakuru indundi ifise, aruko  Emery sun yahora agendana n’umwigeme Suzy.

3,920 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment