Scroll to Top

Lydia Nsekera mu biyamamariza gutwara Acnoa

By Editor / Published on Saturday, 22 Sep 2018 12:44 PM / /

Mu kiganiro Lydia Nsekera yahaye abamenyeshamakuru n’abanditsi kwigenekerezo rya 20 nyakanga(09) yaremeje ko ar’umwe mu biyamamariza gutwara Acnoa( Assotiation des nationaux olimpique d’Afrique) mu matora yo kuri uwu wa 29 gitugutu(10) ategekanijwe kubera muri Tokyo.

Nsekera muri kino gihe arongoye CNO( comite national Olympique) yamenyesheje ko biturutse ku ngorane ndetse n’ ibibazo iryo shiramwe ryari rimaranye igihe, Inama ya bose yarakoranye muri mukakaro(07) 2018 ifata umwanzuro wo gutunganya amatora y’ umurongozi mushasha.
Lydia akaba ahanganye n’abandi babiri bazwi ku mazina akurikira: Blanchina Kalkaba asanzwe ariwe arongoye confedetion afriquaine d’athetisme akaba ari nawe abazwa CENO yo muri Cameroune, uwundi nawe akaba na Mustapha Berraf arongoye CNO yo Algeria.

Mwomenya ko Lydian Nsekera atari umuntu asanzwe kuko yagiye aboneke nk’umuyobizi w’ intwari akanizerwa cane, akaba yahoze arongoye i shiramwe ry’ umupira w’ amaguru hano Iwacu FFB, akaba ari nawe mu mukenyezi yabaye uwambere umwe mu barongoye urwego ntayegayezwa CIO rwa FIFA (comite international Olympic)

9,950 total views, 0 views today

Add Comment