Scroll to Top

# Primus ligue| Uko umusi wa mbere w’ indwi igira iya munani wagenze

By Editor / Published on Sunday, 23 Sep 2018 00:28 AM / /

Kuri bamwe yari nk’ imisi mukuru, mu gihe ku bandi kari agahinda.Aho ni mu nkino za Primus ligue zo kundwi igira umunani kur’uwu wa 22 nyakanga(09).

Ku mirwi nka Atletico Olympic, Bujumbura City, Aigle du noire,na Flambeaux de l’Est kwari ugutamba warumperiki mu gihe kurundi ruhande Messager Bujumbura Les lierres, kayanza Unated,na Rukinzo zatashe ziremetse amaboko ku mutwe, Nayo Lydia Luduc na Flambeaux du centre zo zatashe nkabarwanye habura uwubangurukanya.
Ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore( Prince Louie Rwagasore) kw’ isaha y’ umunani Atletico ikaba yatsinze Messager Bujumbura igitsindo kimwe ku busa(1,0), kw’ isaha y’ icumi Bujumbura City yirahira Les lierres Fc i bitsindo bibiri ku busa.
Ku kibuga citiriwe “Urukundo” kw’ isaha y’ indwi (13h 00) Aigle noire inyagira Kayanza United ibitsindo bitatu ku busa(3-0). Nayo ku kibuga citiriwe “Ingoma” Flambeaux de l ‘ Est ikubita Rukinzo Fc bibiri kuri kimwe( 2-1), mu gihe kw ‘ isaha y’ icenda Lydia Lydic Sport for Africa yanganije na Flambeaux du Centre bibiri ku bindi(2-2).
Nayo kur’uwu w’ Imana hakaba hitezwe inkino zidasanzwe aho nko mu gisagara ca Gitega haza kubera urukino Ruhuza Musongati Fc iza kw’isonga muriryo higanwa hamwe n’ umurwi muri kino gihe uriko utangaza benshi Bumamuru Fc aho ni kw’ isaha y’ icenda (15h00).
Nayo hano mu gisagara ca Bujumbura kuri Prince Louie hakaza gutana mu mitwe Vital’o Fc na Olympic Star haza kuba ari i sacenda nyene (15h00h).
“Inkuru mbarirano isumbwa n’ iyo wiboneye duhurire ku bibuga dushigikire abakinyi bacu”

5,159 total views, 0 views today

Add Comment