;
Scroll to Top

#Diaspora | Wind divin yateguye ihiganwa Ku bakunda gutamba

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 23 Sep 2018 10:16 AM / No Comments / 509 views

Abazotamba neza ako karirimbo, bagaheza bakamurungika ayo masanamu, ngo bazoheza bahabwe akabahasha.

Divin na Marembo mu masanamu ya Romantic

Inyuma y’ugushira ahabona akaririmbo gashasha yakoranye n’umuririmvyi mugenziwe, Marembo, Wind yashimye gutunganya ihiganwa ry’abasanzwe batamba.

Iryo higanwa yitiriye indirimbo yiwe nshasha, Romantic Dance Challenge, akavuga ko rizorangira igenekerezo rya 19/10. Ariko hagati aho abashaka kujamwo bakaba basabwa gukora amasanamu y’ako karirimbo bariko baratamba.

Abatamba ngo bategerezwa kuba ari babiri babiri gusa, kandi bakarungika iyo Video yabo kuri WhatsApp kuri numero +1 (864) 208-5746.

Wind ntiyamenyesheje ico abatsinze iryo higanwa bazoheza bagakora inyuma yaryo, ariko icamenyekanye co n’uko uwa 1 azotahana 100,000 vy’amarundi, Nayo uwa 2 agatahuka 50,000.

Wind Divin akaba asaba abo babikunze kwirukira Ku rubuga rwa YouTube ahasanzwe habarizwa ako karirimbo kiwe bakumviriza noneho bagatangura.

6,093 total views, 0 views today