;
Scroll to Top

#Diaspora | Igiteramo citiriwe “Burundi Next Gen” kiriko kirategurwa muri Arizona

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 23 Sep 2018 10:25 AM / No Comments / 763 views

Abarundi babarizwa muri Arizona bariko bategura Igiteramo citiriwe “Burundi Next Gen”, ico kikazoba muri uku kwezi buca dutangura.

Abaririmvyi 4, Babbi, Chonge, Mt Number one na Don Brighter nibo bari ku rupapuro ndangagiteramo kizoba muri uku kwezi kw’10 muri Arizona.

Ico giteramo citiriwe “Burundi Next Gen” kikaba kiriko gitegurwa na BAHO, ishirahamwe ry’abarundi baba muri America.

Ico giteramo kikazobera ahitwa kw’ishure Apollo High School riri kuri 8045 N 47th Ave, Glendale, AZ 85302. Ukwinjira akazoba ari 15$ Ku muryango, hamwe na 10$ Ku banyeshure bazoba bafise amakarata y’ishure. Nayo umusi akaba azoba ari igenekerezo rya 20/10.

Abo baririmvyi bakaba batanguye gutumira bakoresheje imbuga ngurukanabumenyi zabo. Abantu bakaba banatanguye gusaba ama Ticket y’uwo musi.

Mukibuka ko BAHO ifadikanije n’ayandi mashirahamwe y’abarundi baba muri amerika nyene bahora batunganya buri mwaka amahuriro atari make y’abarundi¬† arimwo ibiteramo, amahiganwa co kimwe n’ibiganiro hagati yabo

9,130 total views, 0 views today