Scroll to Top

Umwigeme Lynka Amanda yavuzweko gucika amaguru

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 23 Sep 2018 11:08 AM / /

Lynka Amanda Kaneza yavuzweko ugucika amaguru, kandi n’ukwipfuza umugabo. Ivyo bishikirizwa n’umuntu ngo yitwa Daniel.

Lynka umunyamideri w’umurundikazi akorera mu Rwanda

“Uyu mwigeme yaracitse amaguru, ariko ashaka umugabo…” ayo namwe mu majambo yanditswe Ku rubuga rwa Facebook mu murwi witwa Humura Burundi, n’uwiyita Daniel.

Ayo majambo akaba yaherekejwe n’ishusho ry’umwigeme w’umurundikazi, Lynka Amanda Kaneza, Uyu akaba asanzwe ari umunyamideri mu gihugu c’urwanda, aho anafise umuvyeyi.

Amaze kubona ko uwo muntu yamurengeye akarimbi, ntiyihanganye, yashimye kugira ico ashikirije nawe Ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Lynka mu majambo y’igifaransa n’icongereza, yabwiye uwo muntu ko atazi ico amushakako kandi ko ataco azunguka mu kumwandikako ibitarivyo. Akaba ataretse kumwibutsa, akoresheje ishusho ry’ivyo yanditse, ko ari muzima kandi agifise amaguru yiwe yose.

Si Lynka gusa, kuko n’abamukurikiza bamuteye intege bamusaba kwihangana, eka banamusaba kumubabarira kuko atazi ico akora. Bamwe bo bakaba banageze kure bavuga ko uwo mu Daniel ashobora kuba afise ikibazo mu mutwe.

Mukamenya ko Lynka ari mu barundi bariko bitwara neza muri ico gihugu kibanyi, akaba adasiba kuba umuserukizi, Ambassador, w’ibidandazwa bitandukanye birimwo impuzu, imishatsi n’ibindi.

14,670 total views, 0 views today

Add Comment