Scroll to Top

Natacha Akoranye n’umutanzaniya yoba ari uwugezweho

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 23 Sep 2018 11:22 AM / /

Ata kurya umunwa, Natacha yabwiye umumenyeshamakuru wa Dizzim ko aramutse akoranye n’umunya Tanzania ngo yokorana n’uwugezweho.

Ugukorana na Fally ipupa indirimbo ngo ntivyamutwaye inguvu nyinshi, ariko ngo vyamusavye kwihangana gusa. Ivyo Natacha akaba aheruka kubiyagira ikinyamakuru co mu gihugu ca Tanzania.

Uwo muririmvyikazi abandanya kwimenyekanisha muri kano karere ka Afrika y’ubuseruko, yavuze ko bamenyanye na Fally aho yaza gukora ibiteramo I Bujumbura. Aho akaba ariho ubucuti bwabo bwatanguriye.

Niko kumusaba ko bakorana, navyo ntivyatevye, arabimwemerera ariko amusaba kubanza kwihangana kuko muri ico gihe ngo yarafise ibiteramo vyinshi hirya no hino muri afrika.

Natacha ntitevye gose, ahubwo ngo yaciye yirukira gukora we ako karirimbo arakamurungikira kugira nawe yumvirize.

Natacha avuga ko yakoze mu mudiho nk’uwo Fally akoramwo kugira bikunde abanye Congo bamenye Natacha uwariwe.

Umumenyeshamakuru yamubajije uwo abona ko bokorana muri Tanzania, Natacha avuga ko ubu atawe abona kuko ata mugambi afise w’ugukora akaririmbo afise. Ariko akavuga ko aramutse akoranye n’umu Tanzania ateganya gukorana n’uwuzoba agezweho muri ico gihe.

Natacha ngendabanka bakunze kwitwa Natacha la bamba la numba, akaba abishikirije mu gihe hakirindiriwe akaririmbo k’umuririmvyi w’igihangange muri afrika, ako bakaba bakemeye imbere y’uko umwaka uhera.

17,843 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment