Scroll to Top

#indundi Sports| Tambwe Amissi yabagiye ibisiga SINGIDA UNITED

By Editor / Published on Sunday, 23 Sep 2018 18:47 PM / /

Iyamukuye ku musego niyo ikimuherekeje, Tambwe Amissi yanyagiye ibitsindo bibiri ku busa umurwi SINGIDA UNITED mu gihugu ca Tanzaniya.

Mu rukino rwahuza umurwi Yanga Sc ukinamwo Tambwe hamwe na SINGIDA UNITED, Amissi yerekanye ubushozi mu gutsinda ibitsindo bibiri vyashikanye Yanga ku ntsinzi. Hari mu gisagara ca DAR ES SALAAM aho umurwi Yanga witeyiteka mu gutsinda SINGIDA UNITED ibitsindo bibiri badakozemwo.
Yanga ikaba yaciye yuzuza amanota 12 ata n’urukino na rumwe uwo umurwi utakaje.
Tambwe akaba yinjije igitsindo ca mbere ku munota wa 29 yurukirije agapira ku mutwe arangiza acenze mugenziwe Ajib Migomba bahoze bakinana muri Smba Sc.

14,153 total views, 0 views today

Add Comment