Scroll to Top

Bimwe mu vyashikirijwe mu kiganiro c’abavugizi b’inzego

By Janvier Nzokurigomba / Published on Friday, 28 Sep 2018 03:13 AM / /

Ukwo amezi atatu aheze, abavugizi b’inzego zose zigize ubuzima bw’igihugu bama bakoresheje ikiganiro ku bamenyeshamakuru n’abenegihugu, kuri uno wa 28 gitugutu ico kiganiro kikaba caramutse gikorerwa ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi.

Nk’uko vyama bigenda, ikiganiro c’uno musi cuguruwe n’ijambo ry’umukuru w’igihugu yarungikanye umuvugizi wiwe Jean Claude Karerwa aho Nyenicubahiro ngo yipfurije abarundi bose amahoro, ubumwe, ubutungane hamwe n’iterambere.

Yabandanije asaba abenegihugu kudasamazwa n’ivyegeranyo vy’urutavanako rw’abangushi maze bame mu runani rw’intamenwa, gusohora isuka, kwijukira kuja mu mashirahamwe gusumba ukwo bahora.

Muri iki gihe amashure aherutse gutangura, umukuru w’igihugu ahamagarira abanyeshure kwiga bazirikana igihugu cabo. Eka urwaruka rwompi ruhamagarirwa gukura amaboko mu mpuzu hamwe n’ukubandanya baterera amatora yo mu mwaka w’2020 gutyo tuvavanure n’ukwama tweze amaso imfashanyo zivuye hanze, yongera yibutsa abarundi bose ko inzego zishirwaho n’amatora.

Umukuru w’igihugu yarangije yipfuriza abarundi bose amahoro, ubumwe, ubutungane n’iterambere.

Bimwe mu bibazo vyashikirijwe muri ico kiganiro harimwo ikibazo kijanye n’imyiyerekano iherutse kugirwa mu gihugu cose abenegohugu basaba Reta gukura akarenge mu rwego rwa ONU ruharanira agateka ka zina muntu Conseil des Nations Unies chargé des droits de l’homme”.

Kuri ico kibazo, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude Karerwa yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yakiriye na nkama ivyo yasabwe n’abenegihugu ikaba ngo igiye kubikorerako.

Mu gisata c’indero, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero Edouard Juma yasubiye kwibutsa amashure yari amaze gutoza amafaranga y’ukwiyandikisha ko yoyasubiza nk’ukwo vyashikirijwe n’umushikiranganji yongera amenyesha ko ata shure na rimwe riri hejuru y’amategeko.

Mu burimyi n’ubworozi, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji Aimélance NIRERA yamenyesheje ko ikibazo kimaze imisi gihanze abarimyi b’ikawa bayishoye maze ntibaroswe agashirukabute kabo, ngo amashirahamwe atonora ikawa iheruka kugabishwa maze ihabwa ikiringo kitarenga indwi zibiri kugira ngo azobe yamaze gutunganiriza abo barimyi b’ikawa.

Ku kangonongono k’uko umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI uherutse gushirwaho vuba woba utigenga koko, umuvugizi w’uwo murwi Philippe Nzobonariba yamenyesheje ko umaze kugenwa mu mabanga ahambaye y’igihugu uyitwayemwo nabi ngo haba ingaruka ku gihugu. Indahiro yonyene barahira imbere y’ukuja muri ayo mabanga ngo ituma bigenga bikwiye ku buryo umaze kwinjira muri uyo murwi yaba umugambwe, ubwoko, igitsina n’ibindi vyose bitandukanya abantu biheza bikaja ku ruhande.

4,644 total views, 0 views today

Add Comment