;
Scroll to Top

Don Brighter buca yerekana ico yakoranye n’umurwi Blackstarx

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 29 Sep 2018 10:43 AM / No Comments / 672 views

Naho atemeje igihe, Don Brighter yemeje ko buca ashira ahabona igikorwa yakoranye n’umurwi Blackstarx.

Umurwi Blackstarx usanzwe ukorera ibikorwa vyawo muri leta zunze ubumwe za Amerika, nibo bagiye gukorana na Don Brighter mu karirimbo kiwe gashasha.

Ku rubuga rwiwe rwa Facebook, Don Brighter yabwiye abamukurikirana ko ako karirimbo kazoshirwa ahabona vuba. Ariko akaba atabashije kuvuga igihe gisigaye ngo gasohoke.

Akaba yagiriyeko asaba abamukurikirana kumushigikira nkuko bama babikora buri gihe. Ako karirimbo kakaba kiswe “Go Down Low”.

Ako kakaba kazosohoka inyuma yaho ashiriye ahabona akaririmbo kari kakozwe mu mwaka wa 2015, ariko ashima kuba aragashinguye gushika igihe kigeze.

Mukamenya ko uwo murwi wa Blackstarx usanzwe urimwo abasore bakomoka mu gihugu can Sierra Leone.

13,931 total views, 0 views today

Tagged as: