;
Scroll to Top

The Ben mu bubirigi azovugirizwa n’aba DJ b’abarundi

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 04 Oct 2018 06:38 AM / No Comments / 637 views

Aba DJ bazovuza umuziki mu giteramo ca The Ben mu bubirigi kuri uyu wa 5, igice kinini bazoba ari abarundi.

Aba DJ ndundi batandukanye bari ku mugabane wa buraya babandanya bakora biboneka, ivyo bikibonekeza kubera ubutumire butandukanye babandanya bahabwa.


 

2 muri 3 bazovanga indirimbo mu giteramo ca The Ben na Massamba mu bubirigi kuri uyu wa 5, bakaba bamaze kumenyekana ko ari abarundi. Abo akaba ari DJ Chento asanzwe akorera mu bwongere hamwe n’umwigeme DJ Lala nawe asanzwe akorera ivyo bikorwa mu gihugu can Sweden.

 

Ku musi wa 6 naho nyene bakaba bazoba bafise ikindi giteramo aho nyene mu bubirigi bazovuzamwo, aho ho bakazoba bacanze n’abandi batari bake.

Abo bose bakaba atari ba nciyaho kuko bamaze gukorana n’ibihanhange bitari bike ku migabane itandukanye nka Amerika n’uburayi. Muribo ni nka Yemi alade, Davido, Diamond n’ibindi bihangange vya hano muri Afrika.

Mukibuka ko abasanzwe bakora ako kazi b’abarundi bari ku migabane ya buraya na amerika babandanya barwira, aho twovuga nka DJ Sweet na DJ Ambitious basanzwe bakorera muri Canada nabo bamaze kwubaka amazina kugeza ku rundi rugezo.

10,346 total views, 0 views today