Scroll to Top

Ibikorwa bishasha vya Sat-b azokorana n’umunyarwanda n’umu Tanzania ngo ni Vuba

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 07 Oct 2018 00:15 AM / /

Ata kibaye hagati, Sat-b ngo ariko aritegurira gukorana n’abaririmvyi b’abanyarwanda, n’abanya Tanzania.

Inyuma yaho bipfiriye ivy’indirimbo yakoranye na dully Sykes, Sat-b ngo yoba ariko arisuganya ngo asubire akubitire muri ico gihugu nyene kugira ahakorere iyindi ndirimbo.

Ayo makuru dukesha Indundi Hit show, akaba avuga ko uwo muririmvyi yoba yahejeje kuvugana na Christian Bella, kugira babashe kugira ico bakoranye.

S’aho gusa, kuko ngo ashobora no kwerekeza no mu gihugu kibanyi c’Urwanda, agakorana n’umuririmvyi w’igihangange waho, yitezwe I Bujumbura mu kwezi kw’12. Naho bikigoye kwemeza, amakuru indundi Hit show ikura ku bamwegereye avuga ko igikorwa ca 1 coco ngo cerekanwa Vuba cane.

2,074 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment