Scroll to Top

Man United | Morinho uko bigenda kwose ngo ategerezwa gukinjura

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 07 Oct 2018 00:31 AM / /

Morinho atsinda adatsinda ngo ategerezwa gukinjura, akaba mu murwi wa Manchester United.

Inyuma y’ibibazo bigize igihe biri muri Man United, umumenyereza Morinho ngo ugukinjura ni ngombwa naho yokwirwizako intsinzi. Ivyo bikaba bishikirizwa na kimwe mu binyamakuru vyo Ku mugabane w’uburayi.

Ayo makuru akaba abandanya avuga ko uwo mumenyereza ngo yoba aheruka gushwanira umwe mu barongozi b’uwo murwi imbere y’abakinyi. Ivyo bikaba vyiyongera ku bibazo bigize igihe biri hagati yiwe na Pogba, ibitariko birihanganirwa n’uwo mukinyi, kuko avuga ko hazovamwo umwe muribo ahasigara mu mwaka uza.

Ayo makuru akavuga ko uwo mumenyereza yamaze gukurwako amaboko n’abamwegereye muri ico gikorwa c’ukumenyereza uwo murwi wo mu gihugu c’ubwongereza.

Morinho aramutse akinjuye, umumenyereza w’umufaransa Zinedine Zidane akaba ariwe ashobora guca afata ico kibanza ciwe. Uyo nawe ngo akaba yaramaze kwegeranya urutonde rw’abakinyi yipfuza ko bazomusangayo nkuko ibinyamakuru vyo mu bwongereza vyabishikirije

3,156 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment