Scroll to Top

Intamba mu rugamba zerekeje i Bamako ziva i Bujumbura

By Radjabu Bosingwa / Published on Monday, 08 Oct 2018 08:13 AM / /

Hari kur’uyu wa mbere , w’igenekerezo rya 08 , Gitugutu(10) isaha y’icumi( 16h) aho Umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba wahaguruka Ku kibuga c’ indege i Bujumbura.

Bakaba buriye indege iza kubashikana Addis Ababa mu gihugu ca Ethiopia, bukeye bafate iyindi izo bashikana mu gisagara ca Bamako I Mali.

Hakaba huriye indege , abakunyi 17 gusa kuko Gael Bigirimana wewe bivugwa y’uko yari afise urukino kumusi wejo , bikanavurwa yuko bashobora guhurira Addis Ababa kugira bajane hamwe i Bamako.

Intamba mu rugamba zikaba zimirije , urukino rwo gutangura kuri uyu wa Gatanu, Igenenekerezo rya 12 Gitugutu aho zizotana mu mitwe na Les Aigles du Mali mu rukino rwo gutangura, rwo kurondera itike yo gukina igikombe ca Africa CAN, kizobera muri Cameroun.
mu mwaka wa 2019, Urukino rwo gusubiriza rukazobera hano i Bujumbura igenekerezo rya 16 Gitugutu .

3,035 total views, 0 views today

Add Comment