Scroll to Top

Vestine ati : Reveal Jesus y’umwaka uza izoba ikomeye cane

By KING YANN COOL / Published on Monday, 08 Oct 2018 10:14 AM / /

Mu mwaka uza abantu ngo bitege ikintu gikomeye kizoba, ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na Vestine aho yaganira n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Uwo mwigeme abakorera ibikorwa vya misi yose mu bushinwa, avuga ko kugira ategure igiteramo yise Reveal Jesus atari wenyene. Naho ariwe yateguye umugambi wose akawushira Ku rupapuro, ngo inyuma yiwe hari umurwi w’igitangaza wariko uramufasha.

Muri ico kiyago na Akeza WebTV, yanavuze ko ibintu vyari vyiza naho ata nyambo ibura agahonzi. Kubwiwe ngo hari vyinshi bize bazokosora mu mwaka uza, kuko kitagiye kugarukira ngaho. Aho akavuga ko ibizokurikira atovuga uko bizoba bimeze, ariko ngo abantu ni bitege ikintu gikomeye.

Yabajijwe igikenewe ngo abaririmvyi ndundi boshobore kumenyekana gusamba, avuga ko hakenewe uwubaha amahirwe. Kubwiwe ngo abafise ingabire ni benshi, ariko iyo bataronse uwubamenya ngo abahe ayo mahirwe ntibaheza ngo bamenyekane.

Mwomenya ko ico gikorwa cabereye kuri CLM Ku magekerezo ya 2/9. Hakaba hari hatumiwe abigeme gusa, igishobora guhinduka mu mwaka uza.

4,889 total views, 0 views today

Add Comment