Scroll to Top

Vichou I Kigali ntiyajanywe na kamwe

By KING YANN COOL / Published on Monday, 08 Oct 2018 10:52 AM / /

 

Hampande ya Karaoke n’ukwerekana indirimbo yiwe ubwa 1 yakoreye muri Pasha kuri uyu wa mungu, Vichou yatanguye uruhererekane rw’ibiganiro.

Nkuko twari twabibamenyesheje mu makuru yacu aheruka kuri Vichou Love, akaririmbo Ku gatumba yakoranye na Lady Jaydee aho yaheruka I Bujumbura kamaze gushirwa ahabona
.
Aba mbere batanguye kukabona n’abari bateramiye mu kabare kitwa Pasha mu gisagara ca Kigali kuri uyu wa mung. Ariko ako karirimbo nyene kahavuye kanashirwa Ku rubuga rwa YouTube rw’uyo muririmvyi, kugira bikunde n’abasigaye bose bakabone.

Ako karirimbo kakaba mu masaha 17 gusa kari kamaze kurabwa incuro 1500 kuri urwo rubuga rwiwe rwa YouTube. Ariko abandi bo bakaba bakabonye Ku mbuga nka Facebook, Instagram n’izindi kagiye gakwirakwizwako.

Hampande y’ishirwa ahabona ry’ako karirimbo, uwo miririmvyi I Kigali akaba yatanguye gukora ibiganiro bitandukanye Ku mboneshakure nkuko biboneka Ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Wosoma n’iyi | Official Video Ku gatumba by Vichou ft Lady Jaydee

14,620 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment