Scroll to Top

Big Fizzo yasubiriye kwizerwa

By KING YANN COOL / Published on Monday, 08 Oct 2018 11:15 AM / /

Naho abajambo ari menshi, ababandanya bizera Big Fizzo mu bikorwa vyiwe bo ntibabura. Black g yamaze gukorana akaririmbo nawe.

Mugani Desire muri kino gihe yasubiriye kuba rutumwako mu gukorana kndirimbo n’abaririmvyi batandukanye.

Inyuma y’abatari bake aheruka gukorana nabo barimwo, DJ pro, Cypro Light, Iry Tina n’abandi. Uwukurikiyeho ni Black g. Uyu akaririmbo kakaba Gasa n’akamaze kurangira, ubona ko kanamaze gusohoka agace gatoya.

Uwo muririmvyi akaba abandanya kwipfuzwa n’abatari bake baba abari I Burundi n’abari hakurya y’amazi kandi hari urukurukuru ruvuga ko mukoranye akaririmbo, izindi zikurikira udasubira kwatsa. Ivyo bikaba bitemerwa na boss kuko bamwe bavuga ko ivyo bivuga abadafise ubwenge.

Mukibuka ko Big Fizzo ari mu baririmvyi b’abarundi bavuga rikijana, kandi badigaye berekana igitigiri kinini c’abakurikira ibikorwa vyabo Ku mbuga ngurukanabumenyi

19,346 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment