Scroll to Top

Zesco United ikinamwo Enock na Dieudonné niyo yasubiye gutwara igikombe

By Radjabu Bosingwa / Published on Tuesday, 09 Oct 2018 09:42 AM / /

 

Umugwi Zesco United wo muri Zambia usanzwe ukinamwo abakinyi babarundi aribo , Nsabumukama Enock hamwe na Ntibahezwa Dieudonné, niwo wasubiye gutwara igikombe c’ihiganwa ryo muri Zambia.

Nsabumukama Enock hamwe na Dieudonné Ntibahezwa, ni bamwe mu bakinyi b’intamba mu rugamba bakuriye mw’ishure ry’umupira w’amaguru mu Burundi (Les Messager Fc)bakaba bagiye muri Zesco United bavuye mu mugwi Messager Ngozi .

Zesco United ikaba yarangije ihiganwa ryo muri Zambia ifise Amanota 80 , mu gihe umugwi uwukurikira ariwo Kana Fc ufise Amanota 73.

14,941 total views, 0 views today

Add Comment