Scroll to Top

Intamba mu rugamba zashitse neza I Bamak

By Radjabu Bosingwa / Published on Tuesday, 09 Oct 2018 20:28 PM / /


Inyuma y’urugendo baraye bafashe kuri uyu wa mbere , igenekerezo rya 08 Gitugutu isaha icumi (16h),abakinyi b’intamba mu rugamba bamaze gushika mu gisagara ca Bamako I Mali

Bakaba bari baraye mu gihugu ca Ethiopia , bukeye nk’isaha zitatu 9h zo mugatondo , baca bafata iyindi ndege ibashikana mu gihugu ca Mali neza na neza mu gusagaca ca Bamako aho naho bakaba bahashitse kuri uyu wa Kabiri , isaha icenda 15h z’umutaga mu ma saha ya Mali.

Intamba mu rugamba zikaba zimirije inkino zibiri zo kurondera itike yo gukina igikombe ca CAN kizobea kuri Cameroun mu mwaka wa 2019.

Izo nkino zikazobahuza, n’Umugwi wa Mali bita les Aigle du Mali, aho urukino rwo gutangura ruzobera Mali kuri uyu wa Gatanu igenekerezo rya 12 Gitugutu, mugihe urukino rwo gusubiza ruzoba Ibujumbura , ku musi wa kabiri igenekerezo rya 16 Gitugutu .

10,291 total views, 0 views today

Add Comment