Scroll to Top

Yahojeje imiryango yababuze ababo

By Editor / Published on Tuesday, 09 Oct 2018 20:43 PM / /

 

Inyuma y’isanganya ryashikiye abakunzi b’umugwi Aigle Noire mu ntara ya Rutana ryo kw’igenekerezo rya 07 Gitugutu(10) inyuma y’urukino rw’indwi ya Primus league igira 10, rwahuje Musongati Fc, hamwe na Aigle Noir ,Nyakubahwa Reveriano Ndikuriyo yahojeje imiryango yabuze.

Ndikuriyo akaba ariwe aramutswa Inama Nkenguzamateka, akaba ari nawe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB,ndetse akanaba n’umwe mu bari mu ndongozi z’Umugwi Aigle Noire.

Abicishije mu nyandiko, Ku buhinga ngurukana bumenyi (Fecebook) , yagize ati:”Inyuma y’isanganya ryabereye mu Rutana , abanywanyi ba Aigle Noir bari bavuye Ku rukino rwa Musongati Fc Vs Aigle Noir, twagomba duhoze imiryango yabuze, tugusaba Imana kugira abakomeretse bakire vuba”.

Mu kibukako hitavye Imana abantu batatu (3), abandi barakomereka bimwe bikomeye.

10,159 total views, 0 views today

Add Comment