Scroll to Top

kuba atarigera ahonyoza ikirenge i Burundi Moss Kiny ntibimubuza kuririmba ikirundi

By Editor / Published on Thursday, 11 Oct 2018 10:10 AM / /

Musa Bamba azwi kw’ izina rya Moss Kiny kuva abona izuba ntararonka amahirwe yo kubona i gihugu ciwe c’amavukiro we nyene ubwiwe “yise Burindi bwiza.”

Moss akaba yavukiye muri Zaire mu mwaka w’ 1995 aza kwarukira muri Tanzaniya ari naho yakuye ubumenyi.
Kiny ubu abarizwa muri Amrica mu gisagara ca Texas ubu akaba ari umuririmvyi abimazemwo igihe kitari musi y’ imyaka icenda aririmbira mu mirwi itandukanye kumwe n’ imyaka itari musi y’ itatu akora umuziki we nyene.

Indirimbo yiwe yambere yatanguriyeko akaba yari yayise “Urugndo”.
Afise indoto nini aho yifuza, kandi akaba ariko aranabikorera kugaruka mu gihugu ari rurangiranwa muri Kano karere ka Africa y’ Ubuseruko, kandi anashinge imizi mu gihugu ciwe, nayo ibendera ry’ uburundi rihugabane mu makungu.

Musa agasaba ashimitse abarundi benewabo ko bomushigira, akanabemerere kutazobahemukira.
Orongera ati :”Iyo umwe mu barundi abaye rurangiranwa, ibendera ryacu rigahungabana mu makungu, Burundi bwacu ikaririmbwa n’iteka kuri buri wese, nico gituma ubufasha asavye ari ubwa buri wese.
Mu kurangangiza ubutumwa bwiwe yibukije ko mu gufasha umuririmvyi ari kwumviriza akazi kiwe, ukagakunda ukagasagiza n’abandi biba bikwiye( listen, suport, like, and Share)

 

 

8,865 total views, 0 views today

Add Comment