Scroll to Top

Suarez ntibizokunda ko akinira Uruguay

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 10 Oct 2018 23:42 PM / /

Naho yabakoreye ibitangaza mu rukino yaheruka kubakinira -Uruguay-, Suarez ubu ntazoboneka kubera ikibazo c’ivi yagize mu misi iheze.

Mu gihe kuri uyu wa 5 igenekerezo rya 12/10 umurwi wa Uruguay uzotana mu mitwe na Corée y’amajepfo mu rukino rwa kivandimwe, umwe mu bakinyi babo bakomeye ntazitabira urwo rubanza.

Uwo tuvuga ni Suarez umukinyi w’imbere wa Fc Barcelona, uyo akaba afise ikibazo mw’ivi bivuye ku mvune yaronse aho bakina na Tottenham. Iyo mvune ngo yahavuye yunyurwa n’ukwihagararako kwiwe kuko yahavuye ahakinisha kandi kuri uyu w’Imana aho bahuta na Valence.

Ikinyamakuru Goal kimenyesha ko uwo mukinyi atazohava akina uwo mukino uzohava ukurikirwa n’uwo bazokinana n’ubuyapani naho nyene mu nkino za kivandimwe.

Uwo murwi wa Uruguay ukaba ubuze umukinyi akomeye kuko mu nkino yaheruka kubakinira, yabaronkeje ibitsindo bitari bike, 2 muri 3 batsinze umurwi wa Mexique

2,475 total views, 0 views today

Add Comment