Scroll to Top

Museveni yabasabiye guhindurirwa imfungurwa ngo bagire inguvu

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 11 Oct 2018 00:36 AM / /

Youweri kaguta Museveni yasavye abaraba(Manager) umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru, kuraba bakagira ico bakoze Ku biribwa abakinyi baronka.

Mw’ijambo yashikirije Museveni yasavye ko baraba bagahabwa ibiribwa ntanganguvu kuko mu mukink baheruka gukina ngo babonetse ko imipira batera yaribuzemwo inguvu.

Ivyo uwo mukuru w’igihugu ca Uganda akaba yabivuze mu gihe bari barangije guhimbaza umusi mukuru w’ukwikukikira kw’ubuganda.

Ayo makuru dukesha Africanews avuga ko Museveni yanagiriyeko yemerera uwo murwi agashirukabute kuri buri mukinyi, ako kakiyongera Ku ndege yemeye izobashikana Lesotho guhura n’umurwi nserukiragihugu waho.

Urwo rukino rukaba arurwo kurondera itike ry’ukuja muri CAN 2019 izibera muri Cameroon. Uganda ikaba gushika ubu iza kw’isonga mu murwi irimwo n’amanota 4.

4,320 total views, 0 views today

Add Comment