Scroll to Top

Sat-b agiye gusohorera akaririmbo Belle Umukunzi wiwe

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 11 Oct 2018 02:03 AM / /
Sat-b n’umwigeme Belle Nice

Belle ntiyasigajwe inyuma, nawe agiye gusohorerwa akaririmbo na Empire.

Inyuma ya Kavy ubu naho Sat-b n’umurwi wiwe Empire Avenue bagiye gushira ahabona igikorwa gishasha c’umuririmvyikazi Belle nice.

Ishirwa ahabona ry’ako karirimbo kataramenyekana akazina bikaba vyabaye kuri uyu wa 3 aho uyu mwigeme yabimenyesha Ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

 

Belle Nice akaba yabanje gushima ko asigaye abarizwa muri Empire Avenue, none anamenyesha abamukurikirana ko buca ashira ahabona igikorwa gishasha.

Uyu mwigeme asigaye ari umukunzi wa Sat-b, akaba yatanguriye mu murwi wakora umudiho wa Reggae, asubira akora ama karaoke atandukanye, none ubu akaba agiye kwikorera ibikorwa vyiwe bwite.

Ivyashikirijwe n’uwo mwigene bikaba vyasubiriye kandi bishikirizwa na Sat-b ubwiwe Ku mbuga akoresha.

Belle akaba azoba abaye uwa 2 akorana na Empire asohorewe indirimbo uno mwaka, ukuyemwo Sat-b ubwiwe

5,989 total views, 0 views today

Add Comment