Scroll to Top

# indundi Sports| Fiston Abdoulrazzaq ati dufise icizere co gutsinda Mali

By Radjabu Bosingwa / Published on Thursday, 11 Oct 2018 06:15 AM / /

 

Umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba waramaze gushika i Mali mu gisagara ca Bamako kugira ukine urukino rwo kurondera itike yo gukina igikombe c’imigwi nserukira gihugu ya africa CAN 2019, kizobera mu gihugu ca Cameroun.

Umusatirizi w’Intamba mu rugamba Fiston Abdoulrazzaq afise icizere Kinini co gutsinda Mali kuri uyu wa gatanu.

Mu kiyago gito uyo musaitirizi w’intamba mu rugamba akongera akaba n’umusatirizi w’Umugwi JSK wo mu gihugu ca Algerie yagiranye na Indundi Sports, yavuze yuko bafise icizere co gutsinda Mali , kandi abarundi Bose bakwiy kubizera no kubona ko bazokora ibintu bishimisije.

Akaba yagize ati” Dufise icizere co gutsinda Mali abarundi Bose bakwiye kuduha icizere babone ko tuzobakorera ibintu ibishimishije.” ica mbere dukwiye kwiyemera no kuvuga yuko dushoboye, dukwiye kandi kwitanga muri urwo rukino rwa Mali, ndetse turanarushizeho nkuko twakinye urwa Gabon, umukinyi wese akwiye kwitanga uko ashoboye apfume apfira mu kibuga, yemere kubira akuya kugira dutsindire Mali hano iwabo . kuko izi nkino zibiri zizoba rw’itariki ya 12 Gitugutu , hamwe na 16 Gitugutu, ni nka Final ubwacu kuko dubatsindiye iwabo i Bujumbura ntibazotugora cane, kandi mfise n’icizere ko dushobora gukina CAN 2019 “.

Abakinyi b’intamba Bose bakaba bakomeye nta n’umwe yoba afise ingorane nkuko twabiyagiwe na bamwe mu baherekeje uyo mugwi , intamba mu rugamba ziramutse zitsinda urwo rukino zizoca ziyobora itsinda ririmwo kuko ziziba zakwije Amanota 7 mu gihe Mali izoba isigaye Ku manota 6 .

4,766 total views, 0 views today

Add Comment