Scroll to Top

#Urwevu| Ukaba uriko uratambuka utazi iyo ugiye, uraboshwe!

By Indundi Staff / Published on Thursday, 11 Oct 2018 06:44 AM / /
Isanamu y’amahanga duhura nayo mu nzira ija kw’isonga

Iyo uhuye n’umuntu ariko aratambuka, ukaraba uko atambuka, birashobora kuguha iciyumviro kitihenze cane ku ho ashobora kuba agiye. Uwugiye ku rugendo rurerure rero uramubona, uko aheza akagorora ukuguru, eka mbere n’aho uraba ibihimba vy’umubiri wiwe vyose birakwereka ko ari umuntu agiye kure.

Inyifato yiwe ku nzira irerekana ko agenda nk’uwuzi iyo agiye koko. Ukuba azi iyo agiye rero nivyo bimuha inkomezi zivuye mu bwonko, maze zigategeka ibindi bihimba vyose uko bitegerezwa kwigenza bifatanye n’uko urugendo rwifashe.

Aha iwacu iyo umuntu atambuka nabinabi mbere birashika ukumva umuntu avuze ngo” kandi agenda nk’uwutazi iyo agiye”. Eka mbere inyifato yawe ku nzira n’iyo iheza kandi igatuma n’abantu bavuga ngo” uko twabona atambuka vyaboneka ko atari agiye kure.Aho nyene niho hanava n’ijambo” ukuyebayeba”. Vyose bifatanye n’inyifato.

None wewe mu buzima urazi iyo uriko uraja? Hangana gute? Urahabona? Woba uriko uratambuka koko ugana iyo wamaze gushira mu mutwe uzoshika mu myaka hagati y’itanu na cumi nk’uko abahinga babihanura?  Woba uza warafashe ingingo y’uguhindura ingendo ufatiye ku burebure bw’urugendo hamwe n’ivyiza uzogira ni washika ku gatwe k’umusozi wihanze kwurira?

Ugasanga utarabigira wibereye nk’umuntu ariko aratwarwa n’uruzi. Imikuba y’ubuzima iriko irakurerura ugaramye. Imiyaga iyo ihuhuye ija, niho uheza ukaja. Nturiko uratambuka, urareruwe. Ntuzi iyo uzoshika kuko ntuzi iyo ugiye. Ntuzi igituma uriko urakora ivyo uriko urakora uwu musi. Ntuzi ivyo uzokora ni ivyo uriko urakora vyahera. Ubuzima bwawe bufiswe mu minwe n’abandi( Kumbure umukoresha, canke abandi wabushize mu minwe). Ntiwigenga , uraboshe!

Tora ikaramu, wiyumvire ufatiye ko ho uri uwu musi, wiyumvire aho ushobora kuba uri mu myaka iri hagati ya 5 na 10. Gutyo ukamara kubikora, ugahumiriza ukahabona neza, uzoheza uze urasoma bino vyiyumviro tugutoraniririza maze wongereko n’ubushakashatsi bundi bwawe mpaka uzogire amahirwe y’ugutambagira ku dutwe tw’imisozi yawe.

6,654 total views, 0 views today

Add Comment