Scroll to Top

Hasabwa ibiki kugira i mpunzi ziba mu Rwanda zihabwe uburenganzira bwo gusohoka i gihugu?

By Editor / Published on Thursday, 11 Oct 2018 13:02 PM / /

Hisunzwe amasezerano u Rwanda rwateyeko umukono kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro(07) mu mwaka w’1951, i Kigali mu Rwanda haraye hatangujwe igikorwa co gutanga ivyangombwa vyo kwambuka imbibe ku mpunzi( titre de voyage).

Kur’uwu wa 10 Gitugutu Umushikiranganji ajejwe gukinga ibiza n’ impunzi Jeanne d’Arc De Bonheure akaba yamenyesheje ibikenewe kugira izo mpunzi zironswe uburenganzira bwazo navyo akaba ari ibi bikurikira :Copi y’
-Urupapuro rutanga uburenganzira bwo kwitwa impunzi (proof).
-Ikarata ndangampunzi ID.
-Igipapuro gitangwa n’Akagari kaho impunzi iba, canke uwuserukira MIDIMAR mugihe impunzi iba mw’ikambi.
– Imvo yiyo impunzi ishaka kugenda.
– Ama photo abiri ya pasport.
– N amafaranga ibihumbi cumi (10. 000frw).

Ku bana bari musi y’ imyaka 16 basabwa kuzanana n’abavyeyi babo.
Kuruhande rw’ uwaserukiye ikigo c’ igihugu kijejwe uruja n’ uruza mu gihugu (migration), col Anaclet kilibata yamenyesheje ko impunzi yujuje ibisabwa yaba iba mu nkambi canke mu gisagara imiryango yuguruye.
Patrice Ntadohoka aserukira impunzi ziba mu bisagara akaba akenguruka cane kubona ico gikorwa corohejwe kandi izo mpusha zavanywe ku myaka 2 zigashikanwa ku myaka itanu.

8,312 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi societe

Add Comment