Scroll to Top

Abarundi ngo ni bitege Meddy, Yemi Alade, Shebbah n’ibindi bihangange

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 11 Oct 2018 13:31 PM / /

Bamwe mu bihangange mu muziki wa hano muri Afrika biritezwe hano iwacu mu biteramo vy’agakura.

Inyuma y’ibihangange nka Yvan Buravan, abakinyi ba Les bobdiouf bo muri afirika y’uburengero bushira uburaruko, na Meddy yimirije gukorera igiteramo I Bujumbura, ngo n’ibindi bihangange biritezwe hano iwacu.

Nkuko amakuru dukesha bagenzibacu abishikiriza, abaririmvyi nka Yemi alade, Shebbah n’umurwi wo muri afrika y’epfo ni bamwe mu barindiriwe aha iwacu mu biteramo bikomeye biriko birategurwa. Ivyo bikazoba bisusa n’ibiheruka nka Buja Lol, Celebrity Night n’ibindi.

Ivyo biteramo bikaba biriko bitegurwa n’ubutambiro Cristal Night Club. Ica Meddy co bakaba bariko bakorana n’ubuserukizi bwa Afrika y’epfo aha iwacu, hamwe n’ishirahamwe ritegura imanza Black and White.

Ivyo biteramo vyose bimaze gutegurwa n’iyo nzu itegura imanza ya Cristal Night Club, bikaba bibera hanze kw’ikaburimbo riri imbere y’ubwo butambiro. Ivyo bikaba bitari bimenyerewe.

9,712 total views, 0 views today

Add Comment