Scroll to Top

Intamba mu rugamba zahinduye umwambaro

By Radjabu Bosingwa / Published on Thursday, 11 Oct 2018 14:43 PM / /

 

Nkuko mu sanzwe mu bizi kuri uyu wa gatanu , igenekerezo rya 12 Gitugutu(10) hateganijwe urukino rukomeye ruzohuza Intamba mu rugamba hamwe n’umugwi wa Mali (les aigle du Mali) rwo kurondera itike yo kwitabira igikombe ca Africa ┬ákizobera mu gihugu ca Cameroun mu mwaka wa 2019.

Kuri uyu wa Kane niho hamenyekanye umwambaro mushasha Intamba mu rugamba zizokwambara.

Uwo mwambaro mushasha bazokinana ukaba urinwo ibara ryera hamwe n’iry’urwatsi rutoto n’amashesheti atukura , mu gihe mu rukino rw’abahuje na Gabon yari ibutura ryera n’ico hejuru gitukura.

Urukino rukaba rwitezwe kuri uyu wa Gatanu igenekerezo rya 12 , Gitugutu umwaka wa 2018 mu gihe urwo gusubiriza ruzoba kuri uyu wa kabiri ,igenekerezo rya 16 Gitugutu ku kibuga citiriwe umuganwa rudoviko rwagasore .

8,464 total views, 0 views today

Add Comment