Scroll to Top

PIM yahagaritse umuziki burundu

By KING YANN COOL / Published on Friday, 12 Oct 2018 03:05 AM / /

 

Asaba imbabazi abamusaba bishasha, Pim yamenyesheje Ku rubuga rwa Facebook ko yahagaritse umuziki.

Abakunzi b’ibikorwa vya PIM ngo nibihangane kandi bamutahure, kuko yamaze gusezera umwuga w’ukuririmba. Ivyo uwo muririmvyi akaba yabishikirije Ku musi w’ejo igenekerezo rya 11/10 Ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Uwo muririmvyi akaba yavuze ko iyo ngingo yamugoye gufata, ariko abona ko ubu ata gihinduka ari uguhagarika umuziki burundu.

Pim ntiyamenyesheje ryari azosubirira kuririmba, canke nimba azonasubira kuririmba. Ariko ico yakoze yashimiye abamubaye hafi muri kino gihe, agasaba imbabazi ababandanya bamwandikira bamubaza ibishasha.

Pim kandi ntiyavuze impamvu yahagaritse umuziki, kuko kubwiwe ngo bitari ngombwa. Ariko akavuga ko nka hamwe abonye ko ari nkenerwa azoshira ahabona igituma.

Akaba yaheruka gushirako ahabona akaririmbo kiwe ka nyuma, aho yavuga kuri mugenziwe Bface, akamwita B Fake.

6,306 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment