Scroll to Top

Uwutwara Umugwi Simba Sc Yanyurujwe

By Radjabu Bosingwa / Published on Friday, 12 Oct 2018 03:14 AM / /

Hari mu masaha ya cumi na zibiri zo mu gatondo niho uwusanzwe atwara Umugwi Simba Sc yo muri Tanzania Mohammed Dewji yanyuruzwa. Ivyo bikemezwa n’uwusanzwe atwara igiporisi mu gisagara ca Dar es salaam ariwe Lazaro Mambosasa.

Muhammed Dewji akaba yanyurujwe n’abantu bari bitwaje ibigwanisho mw’ihoteri yama yinonerako imitsi. Imbere yo kumunyuruza babanje kurasa hejuru, abazungu babiri bakaba aribo bakekwako ko aribo boba bamunyuruje. Abo bakaba bafashwe kugira bagirweko amatohoza.

Mohammed Dowji w’imyaka 43 akaba ariwe umugwizatunga wa mbere muri Africa akiri muto nkuko vyatanganjwe n’ikinyamakuru citwa Forbes. Ico kinyamakuru kikavuga y’uko Mohammed Dewji ari kandi umugwizatunga akomeye, akaba afise afise ubutunzi bungana n’umuriyaridi n’amajana atanu w’amafaranga ya madorari ya banya Americ.

Igiporisi co muri Tanzania kikaba kitarabasha kuronka uyo mugwizatunga , bakaba bakiri mu matohoza kugira barabe y’uko yorokoka, nabo boba bamunyurujwe bafatwe bashikirijwe ubutungane.

5,917 total views, 0 views today

Add Comment