;
Scroll to Top

Andy Kool yakoranye akaririmbo na Mico the Best

By KING YANN COOL / Published on Friday, 12 Oct 2018 13:15 PM / No Comments / 314 views

Akaririmbo Andy yakoranye n’umunyarwanda, Mico The best, kamaze kufatirwa amasanamu. Kukabona ngo ni vuba cane

Ku musi wa 3, niho umuririmvyi Andy Kool muri kino gihe abarizwa I Kigali yafata amasanamu y’akaririmbo kiwe gashasha. Ako kakaba kakorewe I Kigali kwa Fayzo.

Mico the best n’umwigeme azobonekamwo

Ako karirimbo Andy akaba yagakoranye n’umuririmvyi w’umunyarwanda, Uwo akaba ari Mico the Best. Ako karirimbo kakaba katarasohoka, ariko kakaba kitezwe mu musi ya vuba nkuko amakuru dukesha abamwegereye abishikiriza.

Hampande y’ako karirimbo, ukaraba umuryango co kimwe n’ukuruhuka, Andy yarabashije gukora ibiganiro bitandukanye I Kigali mu Rwanda.

Andy aganira na bamwe mu bamenyeshamakuru bari bahishikiye

Mukibuka ko Andy Kool asanzwe yisumamwo Ku mugabane wa buraya, uyu akaba asanzwe ari umuririmvyi akora umuziki usa n’uwitandukanye n’uwabandi. Akaba afise izitari nke zirimwo nka Gukunda, Ndaje, Mama n’izindi zitandukanye ziboneka Ku rubuga rwiwe rwa YouTube.

Fayzo ariko afata amasanamu atandukanye y’ijoro

11,240 total views, 0 views today

Tagged as: