Scroll to Top

Emelance yoba yakoreye kwa Big Fizzo

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 16 Oct 2018 02:21 AM / /

Naho ata vyinshi yabishikirijeko, Emelance ashobora kuba ariko arakora amasanamu y’indirimbo, kandi ayo akaba ariko akorerwa muri Bantu Bwoy.

Inyuma y’igihe asa n’uwuri mu gacerere, Emelance yamenyesheje ku rubuga rwiwe rwa Facebook ko hari gishasha ariko arategurira abakunda ibikorwa vyiwe.

Uyu muririmvyikazi akaba agize imisi abarizwa I Bujumbura, aho yabonetse arikumwe n’umuhinyanyuzi wiwe Botchum. S’uyo gusa kuko yanabonetse kwi foto arikumwe na Big Fizzo, ariwe CEO wa Bantu Bwoy Record.

Uyu muririmvyikazi naho atabashije gushikiriza hehe ariko arakorera ivyo bikorwa, hamaze kuboneka amashusho abonekako ikimenyetso,Logos, ca Bantu Bwoy Ent. Bigashoboka ko n’amasanamu ashobora kuba ariko akorerwa muri iyo nzu y’ubuhinyanyuzi.

Emmy kubatamwibuka, akaba ari mu bigeme bamaze guserukira Uburundi mu mahiganwa akomakomeye kandi agatahukana ubushimwe butandukanye.

16,099 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment