Scroll to Top

Wema Sepetu abarizwa I Bujumbura

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 16 Oct 2018 02:52 AM / /

Naho ataho yabivuze, Wema yabonywe I Bujumbura. Akaba yazanywe n’ibikorwa bimuraba we bwite -Private-.

Wema Sepetu yahoze ari umukunzi wa Diamond abarizwa I Bujumbura muri ino misi. Uyu akaba nkuko amakuru dukesha bagenzi bacu baganiriye nawe yoba ari ngaha mu bikorwa vyiwe bwite bitajanye n’akazi tumuziko.

Uyu mwigeme ari rutumwako muri Tanzania mu bijanye n’amareresi, akaba ngo ku musi w’ejo yarikumwe na Chany Queen na Olga muri zone ya Bwiza, nkuko Olga yanabishize ku rubuga rwa Facebook.

Wema akaba umuzo wiwe I Bujumbura ataho wigeze uboneka ku mbuga ngurukanabumenyi, kuko ngo atashaka ko hagira uwubimenya.

Uyu mukinyi akaba ari mu gitigiri c’abatari bake mu ba Tanzania bagize igihe batemberera igihugu. Bamwe bakaba baba bazanywe n’ibikorwa bijanye n’amareresi, ibiteramo hamwe n’ibijanye n’ivyabo bwite.

20,568 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment